|
|
|
|
|
Hari umuvyeyi yakomerekejwe, kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 9/04/2023 wa Pasika, n’umuhungu wiwe amujemye agafuni mu mutwe.
Vyabereye ku mutumba Rukinga mu gacimbiri ka Nyakara mu gisagara ca Rumonge.
Mbonihankuye Hassani yari yaborewe, ngo bikaba vyaturutse ku matati bafitaniye nkuko amakuru ava mur’ako gacimbiri bivuga.
Ayo makuru nyene avuga ko ingorane zatanguriye munzu y’uwo muhungu aho yashitse bwije atangura gusaba amahera umugore wiwe. Umugore nawe agasigurako ata mahera yari afise narirya yaheruka kuva mu bitaro kwibaruka. Umugabo yaciye afata inzira aragenda.
Muri iryo joro nyene yaragarutse igihe c’isaha zine yanyoye yaborewe ashika akubitira umugore mu nzu. Umugore yaciye atabaza Inabukwe, nawe mukugerageza ngo abanguranye, aca akomeretswa n’umuhungu wiwe mu mutwe hakoreshejwe ifuni.
Rajabu Amissi, arongoye zone Rumonge aremeza ayo makuru agatera akamo abantu arongoye ko boreka kunywa ubiyayuramutwe.
Uwakomeretse ariko avurirwa mu bitaro bimwe vyo mu Rumonge, uwakoze ico caha nawe akaba ari mu minwe y’inyamiramabi.
|
|
|
|
|
|
|
|
Abaganga bo kubitaro bikuru vya Rumonge basabwa kutivanga mu vya politique
- vendredi
14 avril 2023
Ivyo buramatari wa Rumonge yabishikirije mu nama yagirishije kur’uyu wa gatanu 14/04/2023 abakozi bo kuri ivyo bitaro. Léonard Niyonsaba avuga ko bimwe mu bibazo vyaciye kuri ivyo bitaro bigatuma haba aba abakozi babiri bapfungwa, umuganga hamwe n’umushoferi, vyoba bifitaniye isano na bamwe mu baganga bakoreshwa n’abanyepolitique.
Aho buramatari w’intara ya Rumonge yahamagariye abaganga bo kuri ivyo bitaro kuvavanura n’iyo ngendo mbi ahubwo bakore bisunze akarangamutima kumwuga bakora.
Kuri (...)
Lire
tout...
|
|
|
|
|
|
|
|
|
|
Abanyagihugu b’i Muhuta bagiye kuronswa amazi meza n’ umuyagankuba
- vendredi
14 avril 2023
Abo banyagihugu bahora bafise ikibazo c’ amazi meza ni abo mu ma zone ya Busenge na Gitaza. Ni muri komine Muhuta intara ya Rumonge.
Ikibazo kijanye n’ ubukene bw’ amazi meza ni kimwe mu vyabajijwe buramatari w’ intara ya Rumonge. Ni mu rugendo yagize muri iyo komine kuri uwu wa gatatu. Abanyagihugu bakaba basigura ko ubwo bukene buri mu bituma hibonekeza ingwara zifatiye kw’ isuku rike.
Musitanteri w’ imfatakibanza w’ iyo komine arizeza abo banyagihugu ko bagiye kuronswa ayo mazi. Asigura ko (...)
Lire
tout...
|
|
|
|
|
|
|
|
Imyiteguro ku bazokora ikibazo ca Leta irabandanya.
- vendredi
14 avril 2023
Abarongoye amashure yo mu gisagara ca Rumonge barashima ingene abigisha bo mu myaka izokora ibibazo vya leta bariko baritanga kugira abanyeshure bazokore ibibazo birangiza ishure shingiro barahejeje ivyigwa kandi biteguye neza.
Ku mashure shingiro Mugomere ya kabiri, Rumonge ya kabiri, abanyeshure bo mu mwaka wicenda bariko bariga. Kw’ ishure ryisumbuye Urbain Rumonge, abanyeshure bagumye biga kuva bagihejeje ibibazo vy’igice ca kabiri c’ umwaka w’ ishure.
Bamwe muri abo bayobozi bagasaba ko (...)
Lire
tout...
|
|
|
|
|
|
|
|
|