|
|
|
|
|
Kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 02 Ndamukiza mu ntara ya Bururi Radio Izere Fm yaramenyesheje icese ko itanguje ibikorwa vy’ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu karere k’ubumanuko kagizwe n’intara zine intara ya Rumonge, Bururi, Rutana na Makamba.
Gaspard Ndikumazambo, Umuyobozi mukuru wa Radio Izere Fm avuga ko iryo higanwa baritunganije mu ntumbero yo gufata iya mbere mu gutsimbataza ubumwe mu benegihugu bo muri izo ntara zo mu bumanuko, na cane cane bafatiye kw’itegeko Umukuru w’Igihugu aheruka gushira ko umukono rigabanya intara z’igihugu kuva kuri 18 gushika kuri 5. Aho intara yo mu bumanuko izokwitwa Burunga.
Ndikumazambo avuga kandi ko iyindi ntumbero ari ukwerekana impano z’urwaruka biciye mu nkino no kumenyesha Radio Izere Fm mu kwishikira kukivi ngo babonane bongere bayage n’abumviriza iyo Radio narirya icivugo cayo ari Ijwi ry’Iterambere Rusangi.
Gaspard Ndikumazambo Umuyobozi wa Radio Izere Fm arangiza amenyesha ko umugwi wa mbere uzohabwa igikombe n’ibahasha y’imilioni zitanu, uwa kabiri imiliyoni zitatu iya gatatu umiliyoni umwe. Aha asaba abakunzi b’inkino kuzitabira no kwitegurira iryo higanwa kugira ngo baze batahukane ibwo bushimwe.
|
|
|
|
|
|
|
|
Abaganga bo kubitaro bikuru vya Rumonge basabwa kutivanga mu vya politique
- vendredi
14 avril 2023
Ivyo buramatari wa Rumonge yabishikirije mu nama yagirishije kur’uyu wa gatanu 14/04/2023 abakozi bo kuri ivyo bitaro. Léonard Niyonsaba avuga ko bimwe mu bibazo vyaciye kuri ivyo bitaro bigatuma haba aba abakozi babiri bapfungwa, umuganga hamwe n’umushoferi, vyoba bifitaniye isano na bamwe mu baganga bakoreshwa n’abanyepolitique.
Aho buramatari w’intara ya Rumonge yahamagariye abaganga bo kuri ivyo bitaro kuvavanura n’iyo ngendo mbi ahubwo bakore bisunze akarangamutima kumwuga bakora.
Kuri (...)
Lire
tout...
|
|
|
|
|
|
|
|
|
|
Abanyagihugu b’i Muhuta bagiye kuronswa amazi meza n’ umuyagankuba
- vendredi
14 avril 2023
Abo banyagihugu bahora bafise ikibazo c’ amazi meza ni abo mu ma zone ya Busenge na Gitaza. Ni muri komine Muhuta intara ya Rumonge.
Ikibazo kijanye n’ ubukene bw’ amazi meza ni kimwe mu vyabajijwe buramatari w’ intara ya Rumonge. Ni mu rugendo yagize muri iyo komine kuri uwu wa gatatu. Abanyagihugu bakaba basigura ko ubwo bukene buri mu bituma hibonekeza ingwara zifatiye kw’ isuku rike.
Musitanteri w’ imfatakibanza w’ iyo komine arizeza abo banyagihugu ko bagiye kuronswa ayo mazi. Asigura ko (...)
Lire
tout...
|
|
|
|
|
|
|
|
Imyiteguro ku bazokora ikibazo ca Leta irabandanya.
- vendredi
14 avril 2023
Abarongoye amashure yo mu gisagara ca Rumonge barashima ingene abigisha bo mu myaka izokora ibibazo vya leta bariko baritanga kugira abanyeshure bazokore ibibazo birangiza ishure shingiro barahejeje ivyigwa kandi biteguye neza.
Ku mashure shingiro Mugomere ya kabiri, Rumonge ya kabiri, abanyeshure bo mu mwaka wicenda bariko bariga. Kw’ ishure ryisumbuye Urbain Rumonge, abanyeshure bagumye biga kuva bagihejeje ibibazo vy’igice ca kabiri c’ umwaka w’ ishure.
Bamwe muri abo bayobozi bagasaba ko (...)
Lire
tout...
|
|
|
|
|
|
|
|
|